Kirundo : Hibonekeza abava i Bujumbura bahungira mu Rwanda

Publié le 27 Avril 2015

Kirundo : Hibonekeza abava i Bujumbura bahungira mu Rwanda

Abahungira mu gihugu c’Urwanda biyongereyeko incuro zitatu, kuva kuri uyu wa gatanu w’iy’indwi.

Abo barundi baguma bahunga bakavuga ko batinya ibiringo vya Petero Nkurunziza. Abo barundi batanguye guhungira mu gihugu c’Urwanda kuva mu kwezi kwa Ntwarante, abo bahunga bavuga ko batinya ibirwanisho vyahawe urwaruka rw’Imbonerakure, ikarashish rikorwa n’urwo rwaruka rutera ubwoba abanyagihugu, bavuga ko bazobamesa, bazobakeba, bazobashiririza, n’ibindi. Uretse ko abahunga ku bwinshi bari abo mu Buraruko, ubu mu Burere butandukanye bw’igihugu abahunga bakaba bibonekeza. Aha tukaba twobamenyesha nk’intara ya Makamba mu Bumanuko, Cibitoke n’ahandi. Abava mu gisagara ca Bujumbura, ku va kuri uyu wa gatanu, bakaba bibonekeje ku bwinshi baca mu Kirundo, kugira binjire mu gihugu c’Urwanda. Abahunga cane, bikaba vyaboneka ko ari abagore hamwe n’abana.

Inkambi y'impunzi z'abarundi bahungiye mu Rwanda _Kirehe

Abahunga batinya ubwicanyi bushobora kwaduka n'imyivumbagatanyo yatangiye nkuko bigaragara ku mafoto yafatiwe i Bujumbura

Petero NKURUNZIZA wabaye intandaro y'abigaragambya bamagana ko yakongera kwitoreza kuyobora u Burundi yongeye kwemezwa nk'umukandida w'ishyaka.

Rédigé par G.A

Repost0
Pour être informé des derniers articles, inscrivez vous :